Muyinga, Imeuble BIRASHOBOKA communemuyinga@gmail.com

Détails de l'actualité

Commune Muyinga: Umusi mukuru wahariwe Abakozi n'akazi

Kari akanyamuneza kadasanzwe muri komine Muyinga, ku kibuga c'inkino "Stade Umuco" kuri uyu wa mbere Rusama 2026.

 Abenegihugu ba Komine Muyinga niho  bahimbaza umusi mukuru wahariwe abakozi n'akazi.

ibirori vyatanguriye mu nkuka ya Misa yabereye muri paroisse Cathédrale Notre Dame de Lourdes de Muyinga  bibandaniriza ku kibuga c'inkino "Stade Umuco" .

Ivyo birori vyatewe iteka n'indongozi zitandukanye zo muri Komine Muyinga, kw'isonga Musitanteri wa komine Muyinga Umushingamateka  Amédée MISAGO Muyinga.

Mw'ijambo ryiwe, MUTUGANYI Salvator yaserukiye abahurikiye mu masendika y’abakozi COSYBU akaba yashikirije ivyipfuzo n’ibisabo vyukugira abakozi boroherwe kandi bahembwe neza.

Musitanteri wa komine Muyinga, Umushingamateka Amedée MISAGO, akaba yasavye ko icivugo c’uyu mwaka batokiririmba mu ruririmbo gusa ahubwo  bagire ibikorwa intumbero yabo ya misi yose kugira ngo bagire iteka.

Akaba  yashimiye abanyamuyinga kw’ishaka badasiba kwerekana mu bikorwa vy’iterambere ahereye ku burimyi n'ubworozi, isuku n’isukura n'ibindi bizotuma bashikira imbonakazoza 2040-2060

Akamenyesha ko ni batigira ba sindabibazwa, bagakora neza, bakigisha abana babo ngo imbonakazoza igihugu cihaye ntizorinda gushika mu kiringo ca 2040-2060.

Agasaba abanyamuyinga gukorera mu runani kandi bafise ishaka kugira ngo bose batere imbere.

Mu gusozera, basozereye kwivuna umusase, abenegihugu bashimiye cane Musitanteri wa komine Muyinga n'abo bafashanya ibikorwa ku bwitange bwabo mu gusukurira abenegihugu. Barabona ko ikizogenda neza kizoharurwa kuri Bose kandi nikizocumbagira bazogikosorera hamwe kuko komine igizwe n'abantu benshi kandi bari mu bisata bitandukanye.

#@Présidence du Burundi #@Bujumbura #abakozi #akazi #buhumuza #muyinga #komineYacu

Voir plus d'images

Abonnez-vous

Abonnez-vous à la newsletter pour recevoir les communiqués, appels d’offres et avancées directement dans votre boîte mail.