Muyinga, Imeuble BIRASHOBOKA communemuyinga@gmail.com

Détails de l'actualité

Imvukira za Zone Rugari Komine MUYINGA BUHUMUZA barakoraniye hamwe.

 Kuri uyu wa 14 Ntwarante 2026  ,Imvukira za Zone Rugari Komine MUYINGA BUHUMUZA barakoraniye hamwe ;mu ntumbero yo gushikiriza ivyaranguwe n'ivyo bimirije kurangura hamwe no kwipfurizanya umwaka mushasha. 
Mw'ijambo ryiwe Languide HAFASHIMANA,arongoye zone Rugari, yarashikirije ivyaranguwe harimwo kwisaturira amabarara y'imigenderanire no gusanura ayononekaye, guhimiriza abenegihugu kwubaka utuzu twa surwumwe aho abatwubatse bavuye ku bice 25% bakaba bageze ku 50%, kugira amanama menshi yo guhimiriza mu bworozi, hamwe no kugira amanama ajanye no kugwiza umwimbu mu mashure no kurwanya guharika.
Akaba yasavye imvukira kubafasha mu guterera kariyeri yo gusanura ibarabara ryacitse, hamwe no mu gusanura ikirasi kimwe co kw'ishure rya Bunywana kitarahera cubakwe, n'ibindi.
Imvukira na zo zikaba zariyemeje gufasha mu bikorwa bishoboka mu gihe cose bazoba bazituye.
Mwomenya ko iyo nama yasozerewe no kwiginana basangira akavunamusase mu kwipfurizanya umwaka mushasha.




#Imibano #Gushigikirana #Iterambere

Abonnez-vous

Abonnez-vous à la newsletter pour recevoir les communiqués, appels d’offres et avancées directement dans votre boîte mail.